Abafise ubwoko bw'amaraso A, B, AB ngo babangamirwa n'umutima

Abafise ubwoko bw'amaraso A, B na AB bashobora kubangamirwa n'idwara y'umutima kubera indemamubiri basanganywe Uwufise ububasha kw’isanamu NHS Blood and Transplant
Image caption Abafise ubwoko bw'amaraso A, B na AB bashobora kubangamirwa n'indwara y'umutima kubera indemamubiri basanganywe

Icigwa c'abahinga casanze hari ubwoko bw'amaraso butuma ababufise bashobora kubangamirwa n'indwara z'umutima canke impanuka z'ubwonko kurusha abandi.

Ivyavuye mu bushakashatsi vyashizwe amabona mu nama idasanzwe yiga ku mutima, bivuga ko abantu bafise ubwoko bw'amaraso A, B na AB bashoborwa gushikira n'ico kibazo cane kubera intungamubiri basanganywe mu maraso.

Abakoze ubwo bushakashatsi bo kuri kaminuza ya Medical Centre i Groningen mu Buholandi, bavuga ko bizera ko ivyo batoye bizofasha abaganga gutegera neza umurwayi yoba ashohora gufatwa n'umutima.