Ubwato bw'ingwano bw'Ubuyapani gushigikira ubwa Amerika

Izumo ni bwo bwato bw'ingwano bw'Ubuyapani bunini kurusha ubundi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Izumo ni bwo bwato bw'ingwano bw'Ubuyapani bunini kurusha ubundi

Igihugu c'Ubuyapani casohoye ubwa mbere ubwato bw'ingwano gushigikira ubwa Amerika buri mu karere, inyuma yaho buhitishirije amategeko avyemeza.

Ubwato Izumo butwara indege zo mu bwoko bwa kajugujugu, buriko buherekeza ubwato bwa Amerika butanga ibikoresho buri mu mazi y'Ubuyapani.

Ubwo bwato bwa Amerika bugiye guha ibitoro umugwi w'amato ari mu karere, urimwo ubwato Carl Vinson butwara indege z'ingwano.

Korea ya ruguru yavuze ko ishobora kwibiza ubwato Carl Vinson hamwe na "sous-marin" ya Amerika, mu gihe uruhagarara ruguma rwiyongera mu karere.

Yaragerageje iyindi "missile" ku munsi w'Imana ariko ntiyashika kure naho Amerika imaze iminsi igabisha ico gihugu, igisaba guhagarika igerageza ry'ibigwanisho vya "nucléaire" hamwe n'iry'ama "missiles".

Umumenyeshamakuru wa BBC Rupert Wingfield-Hayes ari Tokyo avuga ko Izumo iri mu bigize agateka k'Ubuyapani, ko aribwo bwato bwa mbere bunini bw'ico gihugu.

Ubwo bwato Izumo bufise uburebure bwa 249m, bugashobora gutwara kajugujugu icenda, bugasa n'ubwato bw'ingwano bwo muri Amerika, niko ikinyamakuru The Japan Times kivuga.

Itororokanirizo ry'amakuru "Kyodo news agency" ryavuze ko ubwo bwato bwavuye mu kirindiro cabwo ca Yokosuka kiri mu bumanuko bwa Tokyo, ngo busange ubwato bwa Amerika butanga ibikoresho, bwongere bubuherekeze gushika Shikoku mu burengero bw'Ubuyapani.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato bwa Amerika butwara indege Carl Vinson bwavuye mu karere ko mu bumanuko bw'Ubuyapani ku munsi wa gatandatu

Ku butegetsi bw'umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe, Ubuyapani buguma burondera kwikomeza mu vya gisirikare ukwo bishoboka mu buryo bwa none mu gihe hari uruhagarara mu karere ka Korea. Bwana Abe ariko arisunga ubwa mbere amategeko ya gisirikare aheruka kwemezwa, niko uwo mumenyeshamakuru avuga.