Macron asaba inagugwa ry'umuryango w'ibihugu vya Buraya

Emmanuel Macron (hagati) niwe yikekwa gutsinda amatora yo ku munsi wa Mungu ku bice 60% Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Emmanuel Macron (hagati) niwe yikekwa gutsinda amatora yo ku munsi wa Mungu ku bice 60%

Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu Emmanuel Macron yavuze ko niyatogwa azosaba k'umuryango w'ibihugu vya Buraya, EU, unagugwa bitabaye Ubufaransa bukawusezera (Frexit).

Umukandida Macron yashikirije ayo majambo mu gihe we n'uwo bahiganwa Marine Le Pen batanguye indwi ya nyuma y'ukwiyamamaza.

Abafaransa bazoja mu matora ku munsi wa Mungu guhitamwo umwe muribo.

Umupfasoni Le Pen ntiyerekwa umuryango EU, ndetse akaba yasavye ko hotunganywa amatora kamarampaka yokwemeza canke agahakana ukuguma kw'Ubufaransa muri uwo muryango.

Kuri ico ciyumviro, ashigikiwe n'abafaransa bo mu gihugu hagati hamwe n'abigeze kuba mu bisata vy'amahinguriro yemereye ko yokomeza imipaka y'Ubufaransa, agahagarika abarondera kwimukira mu Bufaransa.

Mu matora ashingiye ku co abanyagihugu biyumvira (sondage d'opinion), Emmanuel Macron ngo ashobora gutsinda ku bice 60%, mu gihe Marine Le Pen yoba aronse 40%.