Eminem yitwariye umugambwe uri ku butegetsi muri Nouvelle Zélande

Ururimbo rwa Eminem, "Lose Yourself", ngo rwakoreshejwe bitarekuriwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ururimbo rwa Eminem, "Lose Yourself", ngo rwakoreshejwe bitarekuriwe

Umuririmvyi rurangiranwa Eminem yitwariye umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Nouvelle Zélande ku gukoresha ururirimbo udafitiye uburenganzira igihe c'iyamamaza.

Uwo muririmvyi wa Amerika wo mu mudiho wa "rap" yavuze ko ururimbo rwakoreshejwe mw'iyamamaze ry'umugambwe "National Party" mu 2014, ko ari indirimbo itarekuriwe ikomoka ku yindi yitwa "Lose Yourself", yakunzwe cane.

Abaserukira uwo mugambwe mu rubanza bavuga ko batakoresheje ururimbo "Lose Yourself", ko bakoresheje urundi ruririmbo rwitwa "Eminem-esque", baguze mw'iduka rigurisha imiziki.

Urwo rubanza rwatanguye ku munsi wa mbere, izo ndirimbo ukwo ari zibiri zikaba zarumvirijwe muri sentare.

Umunyamategeko wo mu kigo "Eight Mile Style" -ikigo gifasha kumenyekana uwo muririmvyi - yavuze ko ururimbo "Lose Yourself" arigwo rwa mbere muzo Eminem amaze kuririmba, rugize izina ryiwe.

Mw'iyamamaze ryo mu 2014, urwo rurimbo rwasaba abanyagihugu kugumizaho "abasanzwe bariko barakora", bagasubiza ku burongozi bw'igihugu umugambwe National Party, mu matora yari yimirije.

Iyo ndirimbo Eminem-esque, irasa na Lose Yourself yakoreshejwe mw'isinemaya Eminem, 8 Mile, mu 2002.

Ifise umudundo umwe ariko amajambo ntase.

Iyo ndirimbo yakuwe mw'iduka rya ry'ikigo gifasha abaririmvyi, Beatbox.

Umunyamategeko wo mu kigo "Eight Mile Style", Gary Williams, avuga ko abakoresheje urwo rurimbo barengeye amateka akingira ba nyene gusohora indirimbo "copyright".

Yabwiye sentare ko n'ubutumwa bwa "email" bwagiye burahererekanwa, bwerekana ko abo mu mugambwe National Party nabo nyene bari bafise amakenga ku bijanye n'ivya "copyright" igihe bayikoresha ariko bavuga ko uwayanditse ariwe vyoraba.