Ubuyapani bwarungitse ubwato bw'intambara muri Pacifique

Ni ubwa mbere kuva mu ntambara ya kabiri y'isi Ubuyapani burungika ubwayo bwabwo bw'intambara gufasha ikindi gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Ni ubwa mbere kuva mu ntambara ya kabiri y'isi Ubuyapani burungika ubwayo bwabwo bw'intambara gufasha ikindi gihugu

Igihugu c'Ubuyapani carungitse ubwato bwa mbere bunini gifise bw'intambara, gukingira amato ya Amerika azanye ibikoresho mu burengero bw'ibahari Pacifique.

Ubwo bwato, Izumo, butwara indege za kajugujugu, buherekeje amato azanye ibikoresho vy'igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi kiri muri ako karere.

Ni ubwa mbere kuva mu ntambara ya kabiri y'isi, Ubuyapani burungika bumwe mu bwato bwabwo bw'intambara mw'ibahari gukingira amato y'igisirikare c'ikindi gihugu.

Hakurikijwe ibwirizwa shingiro ry'ubuyapani rigira ku murongo w'amahoro, igisirikare c'Ubuyapani cemerewe gusa gukingira ubutaka bw'ico gihugu.

Ibi rero vyashobotse hisunzwe itegeko rishasha rijanye n'umutekano, ryatowe mu mwaka uheze.