Ibura ry'igitoro ca esanse mu Burundi rirabandanya

N'ahandi mi bice vy'igihugu haravugwa icibazo c'ibitoro
Image caption N'ahandi mi bice vy'igihugu haravugwa icibazo c'ibitoro

Haribonekeza ubukene bw'igitoro co mu bwoko bwa 'essence' mu gisagara ca Bujumbura no bice bitandukanye vy'igihugu c'Uburundi.

Kuri uyu wa Mbere stasiyo imwe gusa ni yo yari ifise igitoro mu gisagara ca Bujumbura. Iryo bura ry'igitoro rimaze indwi zibiri, rimaze kugira ingaruka ku bidandazwa.

Aho bita kuri stasiyo« musée Vivant » mu gisagara ca Bujumbura, abagendesha imiduga, amapikipiki, na za Tuk Tuk isinzi bazindukiye ku mirongo miremire cane barindiriye kunywesha kuva mu gatondo ka kare.

Image caption Umurindi w'imodoka zunguruza abaja hagati mu gihugu waragabanutse cane.

Iyo station ni yo ifise igitoro yonyene mu gisagara. Kubera umunigano abajejwe umutekano basa n'abarengewe.

Bamwe mu batonze bari bafise utubido mu minwe kubera imiduga canke ipikipiki zabo zakamiye mu bibanza vya kure.

Iryo bura ry'igitoro rimaze indwi zibiri ryibonekeza mu gisagara no mu bindi bice bitandukanye vy'igihugu.

Umurindi w'imodoka zunguruza abaja hagati mu gihugu waragabanutse cane.

Image caption Igitoro cabaye ikibazo mu gisagara ca Bujumbura

Eka ingaruka zimaze no kwibonekeza kubidandazwa bitandukanye.

Bamwe mu bavuganye na BBC mu badandaza ibirato, bavuga ko bibagora gushika aho barangura.

Ariko bene ama station na reta babona ugutandukanye inkomoko y'ico kibazo.

Abakidandaza bavuga ko biterwa n'uko ububasha bwo kwinjiza igitoro kiva hanze bufiswe n'umuntu umwe gusa.

Umushikiranganji ajejwe amsoko ntanga nguvu, Come Manirakiza, we asigura ko ingorane ihagaze ku bukene bw'amafaranga y'agaciro.