Donald Trump avuga ko yoshima kubonana na Kim Jong-Un

Donald Trump ngo yoterwa iteka no kubonana na Jong-Un Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Donald Trump ngo yoterwa iteka no kubonana na Jong-Un

Umukuru w'igihugu wa Amerika, Donald Trump, yavuze ko yoshima kubonana n'umukuru wa Korea ya ruguru naho amaze iminsi avuga amajamabo akaze kuri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye Bloomberg, bwana Trump yavuze ko ryoba ari iteka kubonana na bwana Kim mu buryo bubereye.

Ariko umugizi w'ibiro vyiwe, While House, mu nyuma yavuze ko uko ibintu bimeze ubu bitabereye ko uwo mubonana woba, ngo kandi Pyongyang yobanza guhosha inyifato yayo.

Ubutegetsi bwa bwana Trump burajwe ishinga n'ikibazo co kumenya ukuntu bwogondoza Korea ya ruguru igahagarika umugambi wayo w'inguvu za nucleaire hamwe n'ibisasu vya misile.

Hakoreshwa uburyo bwa ki diplomasi hamwe no kurungika amato y'ingwano mu karere ka Korea ya ruguru.