Korea yepfo: Uburyo bwo guhagarika ibitero vya "missiles"bwatanguye gukora

Uburyo Thaad burashobora guhagarika "missiles" zoba zivuye muri Korea ya ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightAFP/GETTY IMAGES
Image caption Uburyo Thaad burashobora guhagarika "missiles" zoba zivuye muri Korea ya ruguru

Uburyo Thaad bwo guhagarika ibitero vya "missiles"bwashinzwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Korea yepfo buza bwatanguye gukora.

Ubwo buryo bushobora kuzibira "missiles" zizananye muri Korea ya ruguru naho ubundi bubasha bw'ivyo biganisho butaraheza gushingwa, hagikenewe ayandi mezi.

Haheze igihe hari uruhagarara mu karere ka Korea, bitewe n'iterabwoba rikogwa na Korea ya ruguru hamwe n'amato y'ingwano na "sous-marin" vya Amerika bimaze gushika mu karere.

Korea ya ruguru yarababajwe n'imyimenyerezo ya gisirikare ya Amerika na Korea yepfo, ibwira Amerika ko ishobora gutuma haduka ingwano ya "nucléaire".

Urwo ruhagarara rwiyongera mu gihe Prezida wa Amerika Donald Trump aheruka kumenyesha ko yokwipfuza gutegwa iteka, agahura n'uwurongoye Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Mu ndwi iheze niho Amerika yamenyesha ko igiye gutanguza uburyo Thaad, bwari bwitezwe ko bwotanguye gukora mu mpera z'umwaka wi 2017.

Uburyo Thaad "Terminal High Altitude Area Defence" bwashinzwe ahahora ikibuga ca golf mu ntara ya Seongju, iri hagati mu gihugu, abanyagihugu bavyiyamiriza.