Indege zirekura amabombe za Amerika zagenzuye ikirere ca Korea

Indege zirekura amabombe zo mu bwoko B1-B ziduga hejuru ya Korea yepfo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Indege zirekura amabombe zo mu bwoko B1-B ziduga hejuru ya Korea yepfo

Ubutegetsi bwa Korea yepfo bwamenyesheje ko indege zibiri zirekura amabombe "bombardiers" zagenzuye akarere ka Korea ya ruguru mu kurondera ko hoba hari ibikogwa vy'agasomborotso ico gihugu coba kirimwo.

Izo ndege zibiri zo mu bwoko B1-B zarangije ico gikogwa ziri kumwe n'indege z'ingwano za Korea yepfo.

Itangazamakuru ry'igihugu ryo muri Korea ya ruguru ryavuze ko abategetse ico gikogwa barinda cane, ko bagiye gutuma akarere kose kinjira mu ngwano ya "nucléaire".

Prezida Trump amaze iminsi asohora imvugo zihushanye ku bijanye n'aho Amerika ihagaze ku kibazo ca Korea ya ruguru.

Bwana Trump yabwiye Fox News ko igerageza rya "missiles" rya Korea ya ruguru ko ryotuma umuriro waka.

Ahandi naho avuga ko yokwipfuza guhura n'uwurongora Korea ya ruguru (Kim Jong-Un).