Umukenya Emmanuel Abisai yatsindiye imiliyoni $2 mu gutsiba

Emmanuel Abisai yatsindiye imiliyoni zibiri z'amadolari mu kubura inkino z'umupira w'amaguru
Image caption Emmanuel Abisai yatsindiye imiliyoni zibiri z'amadolari mu kubura inkino z'umupira w'amaguru

Umukenya w'amahirwe, Emmanuel Abisai, yatsindiye imiliyoni zibiri z'amadolari mu kubura neza inkino 17 z'umupira w'amaguru, mw'ihiganwa ritunganywa n'ikigo co gutsiba SportPesa.

N'amahera menshi arishwe muri mwen'ubwo buryo ku mugabane wa Africa, nkuko itororokanirizo ry'amakuru Daily Nation ryabishikirije.

Uwatsindiye ayo mahera yatangajwe uno munsi mu birori vyatunganirijwe mu muji wa Nairobi.

Acumva itangazo rivuye mu kigo SportPesa rivuga ko yatsindiye ayo mahera, Bwana Abisai yaciye atangura kuvyina.

Mu gihe yari yasohotse mw'ijoro ari hanze, uwurongoye ico kigo, Ronald Karauri, yamuhanuye gutaha, nawe aca amwishura ati: "ndatashe ubu nyene."

Urukino rwo gutsiba rurakundwa cane mu gihugu ca Kenya.

Ubutegetsi bwa Kenya butegura amahera buzokoresha mu mwaka 2017/16, bwategetse ko abakinisha inkino z'akamari boriha ikori ringana na 50% ku nyungu baronse, ingingo ayo mashirahamwe atashimye avuga ko ifise intego yo kuyugaza.