Ubwongereza ngo bushobora kurihishwa imiliyardi 100€ buva muri UE

Abashingamateka bumviriza urutonde rw'ibikenewe ngo Ubwongereza bushobore kuva muri UE
Image caption Abashingamateka bumviriza urutonde rw'ibikenewe ngo Ubwongereza bushobore kuva muri UE

Uwuserukira umuryango w'ibihugu vya Buraya, UE, mu biganiro vyo kuvana n'Ubwongereza (Brexit), uno munsi niho amenyesha ingingo zigiye gushimikigwako mu biganiro harimwo n'amahera uwo muryango ushobora gusaba Ubwongereza kuriha ashika ku miliyardi 100 euros.

Abaserukira umuryango w'ubumwe bwa Buraya mu biganiro ntibategekanya guharira ku gitigiri cayo mahera, casohowe n'ikigo Financial Times gisigura ko ibihugu vyatumye agera aho ari Ubufaransa, Ubudagi na Pologne.

Umushikiranganji w'Ubwongereza akurikirana ivya Brexit, David Davis, yavuze ko igihugu ciwe kititeze kuyariha.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko mu gihe ayo mahera asabwa kurihwa yoba menshi, ashobora gutuma ibiganiro bikwama mu gihe vyasa n'ibigiye gutangura.