Igitero c'umwihevyi cishe 8 i Kabul muri Afuganistani

Ivyo biturika vyibasiye agace karimwo abantu benshi hagati muri Kabul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivyo biturika vyibasiye agace karimwo abantu benshi hagati muri Kabul

Igitero c'umwihevyi cibasiye imiduga ya Otan mu gihugu ca Afuganistani, cishe abantu umunani mu gisagara ca Kabul, niko ubutegetsi bwavuze.

Abapfuye ni abasivile, nkuko umuvugizi wa leta yavuze. Abandi 25 barimwo abanyamerika batatu bakomeretse.

Ico gitero cibasiye imiduga y'abasirikare, cabereye hafi y'ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika hakiri kare mu gitondo.

Umugwi wiyita Leta y'iki Islamu, Islamic State (IS) wemanze ico gitero.

Uwo mugwi uri muri Afuganistani kuva mu 2015 kandi umaze kwemanga ibitero vyinshi vyakozwe mu gihugu.