Abamenyeshamakuru 6 bapfunzwe ku munsi wabahariwe muri Uganda

Ikarata y'Ubuganda
Image caption Ikarata y'Ubuganda

Abamenyeshamakuru batandatu bari mw'ibarabara bigina umunsi mpuzamakungu wahariwe itangazamakuru "World Press Freedom Day", bafashwe uno munsi mu gitondo i Kampala, nkuko ikinyamakuru co mu gihugu cabisohoye.

Ikinyamakuru ChimpReports kivuga ko umumenyeshamakuru wa televiziyo Urban TV yakubiswe, ipantalo yiwe igatabugwa igihe abapolisi bamuburura hasi, bamutwara mw'ikamyo y'igipolisi.

Ico kinyamakuru kivuga ko abamenyeshamakuru bari bafashwe barekuwe ataco bagirijwe.

Uganda yabujije ibimenyeshamakuru gukurikirana imyiyerekano