Abakinira mu Butaliyano basabwe gushigikira Sulley Muntari

Umukinyi akinira hagati mu mugwi wa Ghana, Muntari, yarakinye no mu migwi ya Portsmouth na Sunderland Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi akinira hagati mu mugwi wa Ghana, Muntari, yarakinye no mu migwi ya Portsmouth na Sunderland

Umusatirizi wa kera wo mu mugwi Tottenham, Garth Crooks, yasavye "uwo wese yubaha umukinyi w'umwirabure" ari mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano kutitaba inkino zitegekanijwe mu mpera z'ino ndwi kiretse ingingo yo guhagarika Sulley Muntari mu rukino rwokurikiye ifuswe.

Umukinyi wo hagati mu mugwi Pescara, Muntari w'imyaka 32, yabujijwe gukina urukino rukurikira inyuma yaho yiyamirije amacakubiri ashingiye ku rukoba abarorerezi bamugizeko ku munsi wa Mungu mw'ihiganwa rya "Série A" ryabera ahitwa Cagliari, aho yahawe ikarata y'umuhondo ku kwitwara nabi munyuma agasohogwa.

Ikigo kigwanya ivangura Kick It Out cahavuye kivuga ko abarongoye umupira w'amaguru mu Butaliyano ari abantu ata jambo.

"Abafise ububasha mu Butaliyano bari bakwiye gufata ingingo kugira ngo bino ntibisubire," niko Kick It Out yavuze ku mbuga hwaniro ya Twitter.

Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga rw'ico kigo, cavuze kiti: "Garth Crooks, ari mu bategetsi b'ikigo Kick It Out , asaba umuntu wese yubaha umukinyi w'umwirabure mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano kudakina mu mpera z'ino ndwi, kiretse igihano cahawe Sulley Muntari gifuswe.

"Ntivyumvikana ingene Cagliari itashoboye guhana abarorerezi cumi babikoze. Bino ntibikwiye gusubira kwibonekeza."

Umukinyi Muntari yabwiwe ko yigenjeje nabi ahejeje gusaba umusifuzi guhagarika urukino, munyuma aca arashoka abonye bidakozwe, umuhagarikizi w'urukino aca amuha ikarata ya kabiri y'umuhondo mu kuba agiye hanze atabirekuriwe.

Umugwi ujejwe inyifato y'abakinyi "disciplinary committee" wahagaritse Muntari mu rukino rukurikira, wavuze ko abo barorerezi bigenjeje nabi ngo ariko uravye amategeko, ngo ntiwari gufatira ibihano abantu cumi gusa bari munsi ya 1% y'abarorerezi bose bari ku kibuga ca Cagliari.