Umushikiranganji muri Somalia yarashwe ejo apfubwa uno munsi

Umushikiranganji Abdullahi Sheikh Abas yakuriye mw'ikambi y'impunzi ya Dadaab
Image caption Umushikiranganji Abdullahi Sheikh Abas yakuriye mw'ikambi y'impunzi ya Dadaab

Umushikiranganji muri leta ya Somalia yarashwe n'abajejwe umutekano ejo bamwitiranije, akahasiga ubuzima arapfubwa kuri uno munsi.

Ubutegetsi buvuga ko Abdullahi Sheikh Abas yiciwe mu modoka yiwe hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu i Mogadishu.

Umukuru w'igihugu yaciye ahagarika urugendo yarimwo mu gihugu ca Ethiopia inyuma y'urwo rupfu.

Inteko z'umutekano za Somalia zimaze igihe zigwana n'abagwanyi bakora ibitero vy'ubwiyahuzi muri Mogadishu.

Rimwe na rimwe izo nteko zirategwa n'agashavu, zikarasa n'abakozi b'igihugu zihenze, nk'uko uwukurikirana ibibazo vya Somalia muri BBC Abdullahi Abdi yavuze.

Bwana Abas, w'imyaka 31, niwe yari umushikiranganji muto mu bandi muri leta ya Somalia, akaba yari arongoye igisata c'ibikogwa remezo.

Abaye umukozi wa mbere wo ku ngazi yo hejuru yishwe muri ubwo buryo.

Bwana Abas yahora aba mu buhungiro mw'ikambi ya Dadaab mu gihugu ca Kenya, ikambi icumbikiye ibihumbi vy'abanye Somalia bahunze uruzuba n'ingwano.

Umukuru w'igihugu ntaco yashikirije ku kungene Bwana Abas yoba yishwe, ariko yategetse abarongoye igisata c'umutekano gukora itohoza kuri urwo rupfu, abarugizemwo uruhara bagashikirizwa ubutungane.