Inama nshingamateka ya Amerika ishobora gukuza "Obamacare"

Itegeko ryasubiwemwo rya Trump ku magara y'abanyagihugu ntiryakiriwe neza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Itegeko ryasubiwemwo rya Trump ku magara y'abanyagihugu ntiryakiriwe neza

Inama nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika iratora kuri uno wa kane, mu ntumbero yo kugerageza guhitisha itegeko rya Trump risubirira irya Obama mu vy'amagara.

Uwuserukira umugambwe ufise abashingamateka benshi, "House Majority Leader", Kevin McCarthy, yavuze ko uburongozi bw'umugambwe bwizeye kuronka amajwi akwiye ngo iryo tegeko rishasha rya Trump ku magara y'abanyagihugu, rishobore kwemegwa, naho aba Démocrates batoritora.

Rishoboye kurengana, rizoca rirungikwa mu nama nkenguzamateka aho bishobora kugorana ko rirengana.

Iryo tegeko rishasha rya Trump niryo imyiyamamazo yiwe yagendeyeko, avuga ko Obamacare itegerezwa kuvanwaho.

Muri9 ino ndwi yaragerageje kugondoza aba Républicains bari banse kumushigikira kugira ngo bemere gutora iryo tegeko rishasha bise "American Health Care Act" (AHCA).