Macron na Le Pen bose ngo bitwaye neza mu kiganiro mpaka

Abateramishije ikiganiro bararetse abo banyepolitike barashikiriza ivyiyumviro vyabo batabaciriyemwo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abateramishije ikiganiro bararetse abo banyepolitike barashikiriza ivyiyumviro vyabo batabaciriyemwo

Abakandida babiri bo mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa bose bamenyesheje ko bitwaye neza, bahangana mu kiganiro mpaka co kuri televiziyo imbere y'amatora ya kabiri ku wa Mungu.

Emmanuel Macron agendera ku vyiyumviro biri hagati na Marine Le Pen atsimbataye ku ntwaro ya kera, barateranye amajambo ku kiringo c'amasaha arenga abiri ku bijanye n'iterabwoba, ubutunzi hamwe n'Uburaya.

Muri ico kiganiro, Bwana Macron niwe yarerekanye ko ari we akiri mu kibanza ca mbere.

Ibinyamakuru vyo mu Bufaransa hamwe n'abakurikiye ico kiganiro ku mbonerakure bavuze ko Bwana Macron ari we yavuze vyinshi vyabanyuze.

Mu kiganiro co kuri televiziyo ku munsi wa gatatu, umupfasoni Le Pen yashatse kwereka abafaransa bazitaba amatora ko Bwana Macron ari inkundwakazi y'ubutegetsi buriho.

"Imbere ya vyose birakenewe ko tumenya Macron, Macron ni nde? Ava he? Ashigikiye izihe nyungu? Afitiye uwuhe mugambi Ubufaransa?" niko yabwiye BFMTV inyuma y'ikiganiro.

"Ico umuntu atoreka kuvuga nuko ari inkundwakazi y'ubutegetsi."

Avugira kuri radio y'Ubufaransa ku wa kane mu gitondo, Bwana Macron yavuze ko ikiganiro kamarampaka cerekanye uko Marine Le Pen n'umugambwe bari:

"Umupfasoni Le Pen yerekanye ikintu: ntakunda umwidegemvyo. Yavyerekanye igihe yavugana n'abamenyeshamakuru, ukwo abona ibibazo vy'abakundana basangiye ibitsina canke ibibazo vy'abagore...hamwe n'umwidegemvyo w'itangazamakuru ntibihinduka.

"Ni munyizere, nditwararitse ivyo niyemeje, nkaguma nshigikiye ivyiyumviro vya demokrasi biturekurira kutumvikana iyo bishitse."