Umugore wa mbere munini kw'isi yasohotse ibitaro mu Buhindi

Eman Abd El Aty ngo yataye ibiro birenga 250 Uwufise ububasha kw’isanamu SAIFEE HOSPITAL
Image caption Eman Abd El Aty ngo yataye ibiro birenga 250

Umugore aturuka mu gihugu ca Misiri avugwa ko ariwe wa mbere munini kw'isi, yasohotse ibitaro yavurigwamwo mu gihugu c'Ubuhindi aho abamuvura bavuga ko yateye ibiro birenga 250.

Eman Abd El Aty, avugwa ko yapima nk'ibiro 500, imbere yuko ajanwa n'indege yakoteshejwe mu Buhindi kugabanywa.

Uno munsi yuriye iyindi ndege yamujanye Abu Dhabi muri Emirats Arabes Unis, kubandanya avugwa.

Yahawe ikibanza ca "business class" mu ndege itwara ingenzi.

Umuganga yamubaze yavuze ko ari amakosa kuba bamukuye aho yariko aravurigwa.

Iminsi ya nyuma ya Abd El Aty mu Buhindi yatobwe n'igihe umukobwa bavukana, Shaimaa Selim, yerekanye amasanamu ya video ku mbuga hwaniro, avuga ko uwo bavukana atarashobora kuvuga kandi ko atataye ibiro vyinshi nkuko ibitaro vyabishikiriza.

Ibitaro vyariyamirije ayo makuru.

Umuganga yamubaze, Dr Muffi Lakdawala, yabwiye ikigo c'amakuru co mu Buhindi ko Selim yipfuza ko uwo bavukana aguma mu bitaro gushika igihe yotanguriye gutambuka, ariko abahinga mu vy'amagufa bamubwira ko atazigera asubira gutambuka.