Macron yitwariye abavuga ko yanyegeje amahera hanze

Bwana Macron yavuze ko uwo bahanganye, abesha mu kuvuga ko yanyegeje amahera hanze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Macron yavuze ko uwo bahanganye, abesha mu kuvuga ko yanyegeje amahera hanze

Umukandida ari imbere mu bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, Emmanuel Macron, yashingishije urubanza ku bivugwa ko yoba yarabikishije amahera hanze mu kinyegero mu bihugu vya Caraibes.

Ayo makuru yasohotse inyuma yaho vyariko biravugwa ko ari we yitwaye neza mu kiganiro kamarampaka co kuri televiziyo, imbere y'amatora ya kabiri ategekanywa ku munsi wa Mungu.

Uwo bahangana muri ico kiganiro, Marine Le Pen, yarasubiyemwo ivyo bivugwa muri ico kiganiro.

Bwana Macron yitwaye yishimikiza ivyanditswe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'umugambwe wa Marine Le Pen.

"Ntakizotubuza kwitwarira abipfuza kudutyoza n'uwo wese asubiramwo ivyo abadutyoza bavuze," niko umufasha wa Macron yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Mu kiganiro kamarampaka, Le Pen yarasubiyemwo ibivugwa ku rubuga ngurukanabumenyi.

"Nizeye ko tutazosanga ufise ikonte hanze muri Bahamas," niko yabwiye Bwana Macron.