Abakobwa batatu b'abiyahuzi barashwe muri Nigeria

Abajejwe umutekano ba Nigeria barashe abakobwa batatu b'abiyahuzi ibisasu bari bambaye biraturika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abajejwe umutekano ba Nigeria barashe abakobwa batatu b'abiyahuzi ibisasu bari bambaye biraturika

Abajejwe intwaro muri Nigeira bavuga ko abakobwa batatu b'imiyabaga bishwe n'abajejwe umutekano bagire baturitse ibisasu bari bambaye ku bariyeri y'abasirikare.

Ivyo vyabaye ejo mw'ijoro mu muji wa Maiduguri uri mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu.

Abajejwe ubutegetsi bavuga ko ibisasu vy'abo bakowe vyaturitse igihe abasirikare babarasa, umwe mu bajejwe umutekano akaba yarakomeretse.

Nta mugwi uravuga ko ari wo wari wateguye ico gitero, ariko Maiduguri niho havukiye umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, ukaba kandi umaze kugabayo ibitero inshuro nyinshi.