Umucamanza yatanze imihoho kubera gutyoza abirabura

Umucamanza Jansen yanditse ko gufata ku nguvu biri mu muco w'abirabura Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umucamanza Jansen yanditse ko gufata ku nguvu biri mu muco w'abirabura

Umucamanza w'umuzungu muri Afrika y'epfo yatanze imihoho kubera ubutumwa yanditse ku mbuga hwaniro avuga ko gufata abagore ku nguvu biri mu muco w'abirabura.

Madamu Mabel Jansen, umucamanza kuri sentare nkuru, yaritwariwe kubera ivyo yanditse mu mwaka uheze, akaba yari amaze igihe yarahagaritswe arindiriye ko itohoza rihera.

Ivyo yanditse mu butumwa bwite, vyamenyekanye ari uko umwe mu bagenzi biwe abishize ahabona.

Afrika y'epfo nico gihugu ca mbere kw'isi kibamwo cane icaha co gusambaya abagore ku nguvu.