Umugambi Obamacare w'ubwinshingizi muri Amerika urageramiwe

Abashingamateka b'aba Républicains bari mu kamwemwe igihe iryo tegeko rihitishirijwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashingamateka b'aba Républicains bari mu kamwemwe igihe iryo tegeko rihitishirijwe

Prezida Donald Trump yavuze ko Obamacare "yapfuye" inyuma yaho itegeko rijanye n'ivy'amagara y'abanyagihugu ry'aba Républicains rihitishirijwe n'inama nshingamateka.

Iryo tegeko ryemejwe ku majwi 217 kuri 213, niryo ribaye irya mbere ryemejwe n'inama nshingamateka, ikaba ibaye intsinzi mu gihe Bwana Trump yari yemeye yiyamamaza ko agiye gukura iryashizweho n'uwo yasubiriye.

Aba Démocrates bavuga ko itegeko rishasha American Health Care Act rizotuma imiliyoni z'abantu babura "assurance" (uburyo bufasha abanyagihugu kworohegwa mu kwivuza).

Iryo tegeko rigiye kuja mu nama nkenguzamateka aho aba Républicains baja bavuze ko bazorishira ku ruhande, bakandika rishasha.

Habaye imyiyerekano aho abari muri yo bagira bati "murateye isoni", igihe abashingamateka bari bavuye muri Capitol Hill bahejeje gutora.

Ariko habaye n'ibirori vyo gukeza iryo tegeko rishasha ku biro vy'umukuru w'igihugu White House, umukuru w'igihugu yakira aba Républicains bo mu nama nshingamateka.

Hari haheze amezi atandatu iryo tegeko rishikirijwe, ariko ribura abarishigikira.

Munyuma ryarasubiwemwo incuro nyinshi, kugira ngo aba Républicains bose baryemere.

Aba Démocrates basanga iryo tegeko rigiye gutuma ibintu vyunyuka, abakene babura "assurance", abatunzi biruhutse ku mahera bakatwa.

"Ibihumbi vy'abanyamerika bagiye gupfa kubera kubura ingene bivuza," niko umukenguzamateka Bernie Sanders yavuze.