Icongereza ngo coba kiriko kirata agaciro kaco i Buraya

Abaserukira ibihugu mu nama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abaserukira ibihugu mu nama y'umuryango w'ibihugu vya Buraya

Umukuru w'akanama k'umuryango w'ubumwe bwa Buraya, Jean-Claude Juncker, yavuze ko ururimi rw'icongereza ruriko rurata buhorobuhoro agaciro i Buraya.

Ashikiriza ijambo mu rurimi rw'icongereza, yakomewe amashi n'intumwa z'ibihugu mu nama y'umuryango yabera i Florence mu gihugu c'Ubutaliyano.

Abandanya mu rurimi rw'igifaransa kubera abagiye kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu ku munsi wa Mungu, yagabishije ko umwimbu w'Uburaya mu makungu ushobora gukoroka ibice 10% mu myaka cumi.

Avuga ko abiyumvira ko ibihugu vyosubira kwigenga bikava mu muryango ko bihenda, ivyo bigasa naho yabishikiriza umukandida w'umufaransakazi Marine Le Pen.

Yidogeye bimwe mu bihugu vya Buraya bidafasha Ubutaliyano hamwe n'Ubugiriki ku kibazo c'abimukira, avuga ko Ubutaliyano aribwo buriko buragarukira agateka k'Uburaya.