Uwagirizwa urupfu rw'umutegetsi muri Somalia asabwa gukinjura

Ikiziga ca Abas Abdullahi cashinguwe ku munsi wa kane Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Ikiziga ca Abas Abdullahi cashinguwe ku munsi wa kane

Umukozi mukuru wo muri Somalia abamucungera ubuzima bishe ku makosa umushikiranganji, yanse gushira mu ngiro itegeko rya leta rimusaba gukinjura.

Uwugenzura ikoresha ry'amahera y'igihugu (Auditor General), Nur Farah Jimale, yavuze ko ikugwa ryiwe ribanza kwemezwa n'inama nshingamateka.

Umushikiranganji wa mbere Hassan Khayre yamenyesheje ku munsi wa kane, ko Bwana Jimale ahagaritswe mu mabanga kugira ngo yorohereze itohoza, ku bwicanyi bwakorewe umushikiranganji w'ibikogwa remezo Abas Abdullahi Sheikh, umushikiranganji muto muri bose muri leta ya Somalia.

Inteko zijejwe umutekano zari mu bikogwa vyazo vya minsi yose, zatambitse imodoka yabo mw'ibarabara, zizibira imodoka zibaza ko itwawe n'abagwanyi, zica zugurura umuriro.

Bwana Abas, yahora ari impunzi mw'ikambi ya Dadaab yo muri Kenya imbere yuko yimukira muri Somalia, yahambwe ku munsi wa kane.