Afrika mu mafoto muri ino ndwi irangiye

Ifoto nziza kurusha izindi zatororokanijwe muri Afrika, zerekana n'abanyafrika mu duce dutandukanye, zafashwe muri ino ndwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyagihugu bariyerekana ku vyo bazi ku bijanye n'imico, mw'isabukuru ryabereye ahitwa Popo mu gisagara ca Bonoua, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Cote d'Ivoire ku munsi wa gatandatu...
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Aboure batamba, bakora n'utundi tugenegene...
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abandi nabo bakipfuza gutera ubwoba, mu kirori cakurikiranywe n'abantu benshi muri Cote d'Ivoire.
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ku wa Mungu, uwo muhungu yariko arahiganwa mu gutamba i Goma, igisagara co mu karere karimwo indyane...
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwari ubwa mbere haba isabukuru y'ugutamba y'urwaruka mu gisagara ca Goma. Iciyumviro nuko urwaruka rushobora kwiyerekana mu gutamba, rugaheba intambara.
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Runo rwaruka rwari mu bikogwa vyo kugabanya ihahamuka ku mpunzi zo mu nkambi ya Maban, muri Sudani y'ubumanuko.
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ku munsi wa Mungu i Juba, umukunzi w'umupira w'amaguru yambaye impunzu y'amabara y'idarapo y'igihugu, yariko araryohegwa Sudani yepfo itsinze Somalia mu majonjora y'igikombe c'ibihugu mu 2018.
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu gihugu kibanyi ca Uganda, abatamvyi bo mu bwoko bw'aba Acholi, bariko baravyina mu gisagara ca Gulu kiri mu buraruko...
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushitsi w'iteka wabo yari umukinyi w'isinema wa Hollywood, Forest Whitaker, yagendeye ako karere mu ntego yo gukomeza amahoro.
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umuririmvyi wo muri Nigeria, Asa, avuza mu giteramo i Lagos, ku munsi wa gatandatu. Abamukunda bavuga ko aririmba neza cane.
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icuka nticari ciza ku munsi wahariwe abakozi i Lagos, abanyagihugu berekana ingorane zibahanze mu gihe igihugu gifise ubutunzi bwinshi bushingiye ku bitoro
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ku munsi wa gatanu, Prezida Robert Mugabe yarakiriye umukuru w'igihugu ca Namibie, Hage Geingob, mu birori bishingiye ku budandaji i Bulawayo. Muri ino ndwi niho Prezida Mugabe yavuga ko Zimbabwe ari igihugu giteye imbere cane ku mugabane wa Afrika inyuma ya Afrika yepfo.
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umutwe w'impene uriko urotswa mu kibanza c'abayangayanga mu gisagara ca Cape Town, aho abantu baho bakunze gutumirana bakarya imitwe y'impene yokeje.
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ku munsi wa Mungu, inyoni yo mu bwoko bwa ibis yariko iraguruka, izuba rirenze mu gisagara ca Cape Town.