Al Shabaab yishe umusirikare kabuhariwe wa Amerika

Ni ubwa mbere Amerika yemera ko yapfushije umusirikare muri Somalia kuva mu 1993 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Image
Image caption Ni ubwa mbere Amerika yemera ko yapfushije umusirikare muri Somalia kuva mu 1993

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko umusirikare waco kabuhariwe yishwe abandi babiri barakomereka mu mirwano n'umugwi Al Shabaab.

Ni ubwa mbere Amerika yemera ku mugaragaro ko yapfishije umusikare muri ico gihugu, kuva hagwa ibara mu gikorwa ca Black Hawk Down mu 1993, aho abanye Amerika cumi n'umunani bahasiga ubuzima.

Urwandiko rwasohowe n'igisata c'igisirikare ca Amerika kijejwe Afrika, cavuze ko ivyo vyabereye hafi ya Barii, nko ku birometero mirongo itandatu mu burengero bwa Mogadishu, igihe abo basirikare bariko barafasha ingabo za leta ya Somalia.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Igikorwa ca gisirikare ca Amerika, Black Hawk Down, muri Somalia mu 1993 cabaye akamaramaza kuri Amerika

Mu kwezi guheze abasirikare ba Amerika bararungitswe muri Somalia kumenyereza no guha ibikoresho abasirikare ba leta hamwe n'abishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.