Emmanuel Macron yatsinze amatora n'amajwi 66.06%

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Emmanuel Macron yimamaje agindeye ku matwara yo hagati na hagati

Emmanuel Macron yaraye atsindiye ikibanza c'umukuru w'igihugu ku majwi 66.06% abaye umuperezida wa mbere muto ico gihugu kironse kuva kuri Napoleon.

Isinzi ry'abashigikiye Emmanuel Macron baciye bakoranira mu kibanza c'ikigo ndangamico ca Louvre, aho yashikirije ijambo.

Yavuze ko azi neza kw'igikorwa kimuraririye ari kinini, kandi ategera akababaro n'ubwoba benshi mu banyagihugu bafise.

Yebemereye kuzomara imyaka itanu agwanira gukumira ibibacanishamwo, ati 'hatanguye ibihe bishasha vy'ivyizigiro no kugiriranira icizere'.