Peresida Buhari yongeye gusubira mu Bwongereza kwivuza

Buhari yasubiye kwa muganga Uwufise ububasha kw’isanamu NIGERIA PRESIDENCY
Image caption Perezida Buhari, yasigiye amabanga icegera ciwe Yemi Osinbajo

Perezida Muhammadu Buhari yaheruka kumara amezi abiri i Londres, akaba yari yaramenyesheje ko shobora kwongera gukenera kwisuzumisha gushasha.

Ku ncuro zike yagiye ahabona mu kwezi kwa gatatu, yagaragara ko amagara yiwe atameze neza.

Icegera c'umukuru w'igihugu Yemi Osinbajo niwe azoba aramukorera mu ngata mu gihe c'infatakibanza mu kurindira ko agaruka.

Igihe co kugaruka kwa Buhari co, umuvugizi wiwe avuga ko kizomenyekana biturutse ku baganga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Buhari yetevye gufata indege abanje guca kuraba abakobwa ba Chibock barekujwe

Imbere yo guhaguruka n'indege mu muji wa Abuja, perezida Buhari yabanje kuja kuraba abana b'abakobwa bagera kuri 82 bari baranyurujwe bakurwa kw'ishure rya Chibock, babohojwe bagujijwe n'imbohe z'umugwi Boko Haram.

Biteganijwe ko abo bakobwa babonana n'imiryango yabo uno munsi