Abana ba Sudani y'epfo bageramiwe n'intambara

Abana bagera ku 1000 baramaze kwicwa canke gukomeretsw akuva mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe mu bana ba Sudani y'epfo bahungiye muri Uganda

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko intambara iri muri Sudani y'epfo yatumye abana baho bagera kuri miliyoni bahunga igihugu abandi nk'abo nabo bahungiye hagati mu gihugu.

Umwe mu bategetsi bo mw'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF Leila Pakkala, yavuze ko ikibazo c'impunzi za Sudani y'epfo ari co cambere giteye ubwoba kw'isi.

Avuga ko ico kibazo c'ubuhunzi gihanze abasanzwe ari abantu b'intege nke nk'abana, aho usanga baca mu bibazo bikomeye.

Muri ivyo bibazo nk'abana ngo barahohoterwa, bagafatwa ku nvugu canke bagashigwa mu migwi yitwaje ibigwanisho ku nguvu.