Tanzania yashinguye abanyeshure 32 bahuye n'isanganya

Stade Arusha
Image caption Amaziko yitabiriwe n'bantu benshi kuri stade Arusha

Abavyeyi n'abagenzi b'abana baguye mw'isanganya rya bus barimwo ku munsi wa gatandatu, bakiranywe ikigumbagumba n'abari bagiye gusezera abahitanywe n'iryo sanganya.

Imisa yo gusezera abo bana bapfanye n'abigisha babo babiri hamwe n'umushoferi, yabereye mu kibuga ca gikuru co mu muji wa Arusha, aho bamwe mu bari baje kubaherekeza baguye hasi bakajanwa mu bitaro bihegereye.

Leta niyo yarishe amafaranga y'ayo maziko, harimwo kugura amasandugu no kwunguruza abari ku maziko.

Image caption Abana bari hagati y'imyaka 12 na 14 nibo baguye mw'isanganya

Icegera c'umukuru w'igihugu Mohamed Gharib Bilal yaserukiye leta muri urwo rubanza.

Abo banyeshure bari abo kw'ishure rya Lucky Vincent, bari mu nzira baja gukora umwimenyerezo w'ikibazo ca leta ku munsi wa gatandatu.

Iyo bus yatembagariye mu mwonga hafi y'igisagara ca Karatu.