Ibitaro vya Butaro vyongewe ubushobozi bwo gusuzuma Kanseri

Butari imaze imyaka 5
Image caption Ibitaro vya Butaro, bishigikiwe n'ikigo ca Bill Clinton

Abakuriye ibitaro vya Butaro mu buraruko bw'Urwanda, bemeza ko bashobora gusuzuma abantu 200 mu gihe kitarenze amasaha atatu bakabona ibisubizo.

Abarwayi baturutse hirya no hino mu Rwanda ndetse no hanze y'igihugu, ubasanga ku mirongo biteze kubona ibisubizo, ariko hari n'abandi bamaze kubona ibisubizo bakaba barahawe n'ibitaro:

Ibitaro vya Butaro ni vyo vya mbere mu bitaro vyo mu bice vyo hagati mu gihugu mu Rwanda bifise ubushobozi bwo gusuzuma kandi bikavura zimwe mu mero z'ingwara ya Kanseri.

Ibi bitaro bimaze imyaka itanu bifasha abashaka kwipimisha Kanseri, ariko imbere yo kuronka ibi bikoresho bisha, umugwayi yarinda gutegereza amasaha 12 mu kubona ibisubizo.

Image caption Imashini zongewe zifise ubushobozi bwo gutanga ibisubizo mu masaha atatu gusa

Imashini zitandatu vyahawe muri Laboratware nsha, zizotuma noneho uyu mwanya umugwayi yarindira ugabanuka.

Dr Ruhangaza avuga ko uretse Abanyarwanda vyakira n'abanyamahanga, benshi ngo baturuka mu burasirazuba bwa Congo, mu Burundi ndetse no mu maj'epfo ya Uganda.

Avuga ko ibikoresho bisha bafise bibafasha guhangana n'ibitigiri vyinshi vy'abarwayi babigana.

Vyongeye kandi ngo ikiguzi co kurungika ibizamini vy'abarwayi gusuzumirwa mu bihugu vyo hanze ngo cavuyeho.

N'ubwo bimeze gutyo ariko ngo ibitaro ntibiragira ubushobozi bwo kuvura abarwayi bakenera ubuvuzi bwa kanseri bukoresha 'RadioTherapy'.

Biracasaba ko abarwayi boherezwa muri Kenya canke mu Buhinde.

Abakuriye ibi bitaro bavuga ko zimwe mu mero za kanseri basuzuma kandi bakavura zirimwo kanseri y'inkondo y'umura, kanseri za amabere, iz'ubwonko , izo mu maraso n'iz'amagufa.