Sulley Muntari: Fifa ishobora gufatira ibihano ishirahamwe ry'Ubutaliyano

Sulley Muntari yarakinye no mu migwi ya Portsmouth, Sunderland na Inter Milan Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Sulley Muntari yarakinye no mu migwi ya Portsmouth, Sunderland na Inter Milan

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubutaliyano rishobora gufatigwa ibihano n'ikigo kigenzura umupira w'amaguru kw'isi, Fifa, bitewe n'uburyo bwitwaye ku bijanye n'umukinyi wo hagati wa Pescara, Sulley Muntari.

Muntari w'imyaka 32, yasohowe yikuye mu kibuga avuga ko yabwiwe amajambo y'ivangura mu rukino rwa Serie A yarimwo.

Ubwa mbere yari yahagarikiwe kudakina urukino rumwe, munyuma ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubutaliyano, "Italian Football Federation" (FIGC), rirabihindura.

"Dufise umugwi uriko urabikurikirana, niwo uzofata ingingo", niko umunyamabanga mukuru wa Fifa, Fatma Samoura, yabwiye BBC Sport.

"Igikenewe nuko uwo mugwi ukora kandi ukanyarutsa.

"Ndafise uko nsanzwe nibaza ku muntu yafashwe nka kurya kwiwe, ku kibuga n'inyuma y'ikibuga, ariko si ndi hano ngo nserure ibinyerekeye. Ndi hano kugira ngo Fifa, biciye mu mugwi wagenywe, ifate ingingo ikwiye ku vangura iryariryo ryose."

Ku munsi wa kabiri, uwurongoye Fifa, Gianni Infatino, yavuze ko azoganira n'umukinyi Muntari, we agasanga ko ikigo kigenzura umupira w'amaguru kw'isi, n'ikiwugenzura ku mugabane wa Buraya, Uefa, bidafata ikibazo c'ivangura rishingiye ku rukoba ukwo bikwiye.

"Tuzokwigira hamwe ico kibazo", niko Infantino yavuze, yongera avuga ko ategekanya no kuvugana n'uwurongoye FIGC, Carlo Tavecchio.

"Birababaje, hari imihimbiri hose ariko dutegerezwa kuyigwanya. Dutegerezwa kugenzura ingene abanyagihugu bifata."

Fifa yaraneguwe ikuye umugwi ujejwe gukurikirana ibibazo vy'ivangura mu kwezi kw'icenda guheze.

Ico gihe iryo shirahamwe ryasiguye, bishikirijwe na Samoura, ko ryarangije igikorwa ryari ryihaye kuva igihe riwushingiye mu 2013.

Samoura yaritandukanije na Infantino, avuga ati: "Sinshobora kwama ndiko ndahamagara abantu ngo nuko bakorewe amabi ashingiye ku vangura."