Amerika yagabanije imfashanyo mu gisata c'ubuvuzi ca Kenya

Haraheze ukwezi yegereyegere y'abaganga yari yatandukiye igihugu cose irangiye muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Haraheze ukwezi yegereyegere y'abaganga yari yatandukiye igihugu cose irangiye muri Kenya

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zahagaritse imfashanyo ishika ku mahera imiliyoni $21, yahora ashikirizwa ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bw'igihugu ca Kenya, niko itangazo ry'ubuserukizi bwa Amerika rivuga.

Ubwo buserukizi buvuga ko ayo mahera ari "agace gato ku mahera yose Amerika itanga ku bijanye n'amagara y'abanyagihugu muri Kenya, arenga imiliyoni $650 ku mwaka".

Buvuga ko bwafashe iyo ngingo kubera "amakenga ategwa n'amakuru avugwa y'ibiturire n'ipotera ry'amahera mu bushikiranganji".

Ubutegetsi bwa Kenya bwamenyesheje ko ingingo ya Amerika idashobora gutuma ubuzima bw'abanyagihugu buhungabana, na burya amahera yahagaritswe ngo yarayo gufasha mu gisata c'ivy'intwaro gusa, atinjira mu gisata c'ubuvuzi.

Ubwo butegetsi busaba abanyagihugu kurema, busigura ko imiti n'ibindi bikoresho bitazigera bibura ngo bitewe n'iyo ngingo yafashwe.

Haraheze amezi ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwagirijwe ukudashobora kwerekana irengero ry'imiliyoni 50 z'amadolari, inyuma y'itohoza ryaheruka gukogwa.

Ico gihe ubutegetsi bwarahakanye ko butigeze bukoresha amahera nabi, muri kino gihe bukavuga ko bugiye gukoresha ayandi matohoza.

Ubuserukizi bwa Amerika bwavuze ko buzoguma bufasha ku bijanye n'ivy'ubuzima, nko mu gutanga imiti ku miliyoni z'aba kenya bayikeneye na cane cane ku bagendana umugera wa sida, ngo ntibokwitega ingaruka zova kuri iyo ngingo.

Buvuga ariko ko buriko burakorana n'ubushikiranganji ngo ibintu bihinduke, kandi kw'iyo mfashanyo ishobora gusubizwaho mu nyuma.