Ugusa na Messi kwatumye umunya Irani afatwa n'igipolisi

I bubamfu, Reza Parastesh. I buryo, Lionel Messi. Hano umuntu akaba yovyitiranya. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption I bubamfu, Reza Parastesh. I buryo, Lionel Messi. Hano umuntu akaba yovyitiranya.

Umunyeshule wo mu gihugu ca Irani yarafashwe n'igipolisi mu mpera z'indwi iheze, kubera ko asa cane na Lionel Messi.

Abantu benshi mu gisagara ca Hamaden bariko bararondera kwifotozanya na Reza Parastesh, bituma igipolisi kimufata kimujana ku biro vyaco kugira ngo imodoka yiwe ntigume itera akajagari.

Ivyo vyatanguye mu mezi aheze, igihe se w'uwo mugabo asa na Messi amusabiye kwifotoza yambaye mayo nomero 10 y'umugwi Barcelone.

Uwo musore w'imyaka 25 yaciye atangura kwimosha no kurekura ubwanwa nk'umukinyi w'imbere wa Argentine, Lionel Messi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu benshi barasaba Parastesh ngo bifotoze hamwe ahaba i Hamaden muri Irani

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP: "Ubu abantu bambona nka Messi wo muri Irani, bagashaka ko nokwigana ivyo akora vyose.

Iyo nshitse ahantu, abantu baratangara.

"Ndaryohegwa iyo bambonye nabo bakaryohegwa, ukwo kunezegwa kumpa ingoga nyinshi."

Parastesh amaze gusabwa ikiganiro n'ibigo vyinshi vy'itangazamakuru, akaba yatanguye no gukorana n'abanya mideli.

Avuga ko ariko ariga ingene bakina umupira w'amaguru, kugira ngo ivyo arimwo avyigane neza.

Messi yahagarikiwe inkino zine ku "gutukana"