Kenya mw'itohoza ku rupfu 'rwatewe n'umukino wo kuri internet'

Yahitanywe n'umukino wo kuri internet
Image caption Umukino wo kuri internet ukekwa ko wahitanye umusore w'imyaka 16 bivugwa ko usaba abawukina ibikomeye birimwo kwiyahura

Igipolisi co mu muji wa Nairobi muri Kenya kiriko gitohoza ku rupfu rw'umusore bivugwa ko yapfuye yiyahuye, abisabwe 'mu mukino wo ku rubuga ngurukanabumenyi' nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru caho Daily Nation.

Uwukuriye igipolisi mu muji wa Nairobi Japheth Koome, amenyesha ko bariko barihweza amakuru avugwa ko umuhungu w'imyaka 16 yoba yishwe n'umukino wo ku rubuga rwa internet uvugwa ko yakurikira.

Ikigo co muri Bulgaria kijejwe gukumira ikoreshwa rya intrenet mu buryo bubangamira abantu, kimenyesha ko ata bimenyetso bihari vyerakana ko uwo mukino, bivugwa ko usaba abawukina gukora ibintu bigoye bishobora no kugera ku kwiyambura ubuzima, woba uhari koko.

Uwo mukino udasanzwe watanguye kuvugwa muri Brazil no mu Burusiya, ariko nta mpfu ziwuturutseko zari bwavugwe kugez'ubu.