Perezida wa Zimbabwe yagiye kwisuzumisha kwa muganga

Mugabe amaze igihe aboneka nk'ufise intege nke Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mugabe yari mu nama ya 'World Economic Forum' asa n'uwurushe

Umukuru w'igihugu wa Zimbabwe Robert Mugabe yafashe urugendo rumushikana muri Singapure kwisuzumisha, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru ca Leta 'The Helard'.

Uwo muhumure kurusha abandi bakuru b'ibihugu bose, amaze iminsi aja ahabona atameze neza na mba.

Yarashikirije ijambo mu nama yerekeye ibibazo vy'ubutunzi kw'isi 'World Economic Forum' yatangujwe mu ndwi iheze i Durban muri Afrika y'epfo.

Ikigo c'itangazamakauru c'abafaransa AFP cavuze ko yumvikana mw'ijwi rirushe aho yari yicaye mu ntebe.

Perezida Mugabe vyitezwe ko agaruka mu gihugu iwe ku munsi wa gatandatu, aho azoja gushingura Godfrey Chidyausiku yahora akuriye ugwego rw'ubucamanza.

Muri kino gihe yabaye arasubirirwa mu mabanga n'icegera ciwe Emmerson Mnangagwa.

N'ubwo perezida Mugabe ageze mu zabukuru, umugambwe wiwe Zanu-PF waramaze kumenyesha ko ari we azowubera umu kandida mu matora yo mu mwaka uza.

Mw'ikoraniro ryawo ryabaye mu kwezi kwa kabiri, umukenyezi wiwe Grace Mugabe, yavuze ko hamwe Imana yofata ingigo yo guhamagara Mugabe imbere y'ico gihe c'amatora, ngo 'bazobona ikiziga ciwe nk'umukandida ku makarata y'itora'.

Robert Mugabe yabaye ku butegetsi kuva mu 1980.