Burundi: ubukene bw'ibitoro bwagize ingaruka ku biyunguruza

Imodokari nyinshi zitondera igitoro
Image caption Imodokari nyinshi ziboneka ku bituro zitondeye igitoro aho kuboneka mw'ibarabara

Ubukene bw'igitoro bumaze indwi 3 bwibonekeza mu Burundi bumaze kugira ingaruka ku biciro vyo kwiyunguruza, cane cane hagati y'umugwa mukru Bujumbura no mu gihugu hagati.

Ku bituro bimwe bimwe vy'imodoka zija hagati mu gihugu, ibiciro vyigwije na kabiri.

Kuri Gare du nord, igituro c'imodoka zunguruza abantu zibajana mu gihugu hagati, hasa n'ahagaragara.

kubera gutondera igitoro amasaha menshi, imodoka zijana abantu hagati mu ntara zagabanutse, mu gihe abiyunguruza ari benshi.

Abagendesha imiduga bavuga ko ata kundi bobigenza atari ukuduza ibiciro mu gihe bavuga ko basigaye bahomba.

Abandi usanga imodoka zabo zakamiye igitoro kure y'ibituro.

Kuva uno musi, n'igitoro co mu bwoko bwa mazutu cahora kiboneka, ku bituro atari bike ntakihari.