R D Congo yaronse leta mfatakibanza

Perezida Joseph Kabila Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Kabila yanse kuva ku butegetsi ikiringo ciwe kimaze kurangira

Leta y'imfatakibanza yashinzwe uno munsi na perezida Joseph Kabila yaciye yimarizwa ubwo nyene n'abatavuga rumwe na leta.

Amazina ya bamwe mu bashikiranganji yumvikanye asomwa kuri radiyo y'igihugu, n'abari basanzwe muri leta yahahora.

Ibi bishobora gutuma bamwe bagira amakenga, na cane cane ko bashobora kwibaza ko kugumana abantu bamwe bisobanurako batazohindura ivyiyumviro.

Abatavuga rumwe na leta bo banse kuja muri iyo leta.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari indongozi zivanye n'imigambwe yabo muri bino bihe vy'amatati ya Politike, nka Valentin Mubake aheruka gukugwa muri UDPS

Ariko bamwe mu bashikiranganji bagenywe muri iyi leta mfatakibanza, harimwo abiyonkoye ku migambwe itavuga rumwe na leta.

Leta ivuga ko izokorana n'abashaka.

Perezida Kabila yavuze ko amatora azotunganywa igihe azoba yahejeje gutegurwa neza.

Mu bizokogwa harimwo gusubiramwo gushasha urutonde rw'abemerewe gutora, ariko ntiyavuze igihe ibi vyose bizobera.

Ibiganiro vyakozwe mu mwaka uheze mu nzira yo gusabikanya ubutegetsi mu ntumbero yo kurangiza ikibazo ca politike cazanywe na Perezida Joseph Kabila aho yankiye kuva ku butegetsi kandi ikiringo ciwe carangiye.

Abatavuga rumwe na leta bari bemereye perezida Joseph Kabila gukomeza ayobora kugeza ayandi matora atunganijwe, ari nayo abwirizwa gutunganywa n'iyi leta mfatakibanza yashinzwe.