Fatou Bensouda agiye gusaba itohoza ku bibera muri Libya

Fatou Bensouda yari imbere ya UNSC gusigura ikibazo ca Libya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ONU imenyesha ko abimukira baca muri Libya baja mu bihugu vya Bulaya biyongeye 50%

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasobanuriye kuri uyu wa mbere inama nkuru y'umutekano kw'isi ikibazo ca Libya.

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu Fatou Bensouda, yavuze ko atewe umwitwarariko n'amakuru avuga ko ashobora kuba ari ayo ukuri, avuga ko Libya yabaye nk'akaguriro k'abantu.

Ivyaha birimwo ubwicanyi, gufata ku nguvu no kwica urubozo, eka no kwica abantu ikivunga ngo nivyo bisigaye bibarizwa muri Libya, bigakogwa n'inzego z'umutekano.

Ivyaha nka ben'ivyo ahanini ngo bikorerwa abana, abagore n'abandi bimukira baharugwa mu bihumbi bapfungiwe mu makambi nfatakibanza, nk'uko vyashikirijwe n'uwo mushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Yavuze ko ICC igiye gutangura itohoza muri Libya ku vyaha bishobora guhanwa n'amategeko mpuzamakungu.

Amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n'abakorewe ivyaha, bagaragaje ko muri Libya hasigaye hakoregwa urudandazwa rukomeye rw'abantu.

Urwo rudandazwa ngo rufashwa n'abiyita abafasha abantu kuja mu bihugu vyo hanze y'umugabane wa Afrika hamwe n'imigwi y'abagwanyi yo muri ico gihugu.