Prezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in, yatanguye akazi

Prezida Moon (i buryo) yiyemeje kunywanisha abanyagihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Moon (i buryo) yiyemeje kunywanisha abanyagihugu

Prezida mushasha wa Korea Yepfo Moon Jae-in arahira uno munsi, yiyemeje kunagura ubutunzi n'imigenderanire hamwe n'igihugu ca Korea ya Ruguru, mw'ijambo rya mbere yashikirije.

Yavuze ko yipfuza no gutemberera Pyongyang igihe ibihe vyoba ari vyiza.

Bwana Moon yarahiriye mu ngoro y'inama nshingamateka y'i Seoul, umunsi umwe inyuma yaho atsindiye.

Uwo muhinga mu vy'amategeko akaba n'umwana w'impunzi zituruka muri Korea ya ruguru, azwi cane ku vyiyumviro vyiwe biharanira umwidegemvyo.

Mw'ijambo yashikirije, Bwana Moon yavuze ko "azokora ibishoboka vyose ngo agarukane amahoro mu karere ka Korea".

"Ni vyakenegwa nzoja n'i Washington," niko yavuze.

"Nzoja i Beijing na Tokyo be n'i Pyongyang mu bihe bikwiye."

Yongeye avuga ko azogirana ibiganiro bikomeye na Amerika hamwe n'Ubushinwa ku bijanye n'uburyo bwo kwikingira "missiles", Thaad.

Yagenye Lee Nak-yon yahora arongoye intara ya Jeolla, mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere hamwe na Suh Hoon, yagize uruhara mu nama yahuje Korea zose mu 2000, kurongora ikigo c'iperereza.