Umukuru wa FBI, James Comey yakuwe mu mabanga na Trump

Prezida Trump baramukanya na James Comey mu nama
Image caption Prezida Trump baramukanya na James Comey mu nama

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yirukanye umukuru w'ikigo kijejwe iperereza FBI, biturutse ku vyegeranyo yaheruka gushikiriza ku bijanye ne emails za Hillary Clinton, niko ubutegetsi bwavuze.

Ibiro White House vyaciye ivutu abanyagihugu mu kumenyesha ko James Comey "akazi kiwe karangiye kandi ko yirukanywe mu biro".

Ariko aba Démocrates bavuze ko yirukanywe kuberako FBI yariko iratohoza ku migenderanire ya Trump n'Uburusiya.

Iyo ngingo isohotse inyuma yaho vyibonekereje ko Bwana Comey yaheruka gushikiriza inama nshingamateka amakuru atariyo, ku bijanye na emails z'umupfasoni Clinton mu ndwi iheze.

Bwana Comey yariko ashikiriza ijambo abakozi ba FBI i Los Angeles, igihe yamenya ko yirukanywe abonye ayo makuru kuri televiziyo, niko itangazamakuru rya Amerika rivuga.

Uwo mugabo w'imyaka 56 yaramaze imyaka itatu n'inusu ku kiringo c'imyaka cumi yari yarahawe co kurongora ikigo FBI, akaba yatwenze yumvise ayo makuru yibaza ko ari ibijajuro.

Ibiro White House vyavuze ko biriko birarondera umusubirizi.

Bubaye ubwa kabiri umukuru wa FBI yirukanwa.

FBI yisonabuye kuri emails za H. Clinton