Ibihugu icenda vya Afrika mu gikombe c'isi yose mu 2026

Ibihugu 46 nivyo bitegekanijwe burundu, ibindi bibiri bikazokwiyongerako inyuma y'amahiganwa y'amajonjora y'ibihugu bitandatu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibihugu 46 nivyo bitegekanijwe burundu, ibindi bibiri bikazokwiyongerako inyuma y'amahiganwa y'amajonjora y'ibihugu bitandatu

Ikigo kigenzura urukino rw'umupira w'amaguru kw'isi, Fifa, cemeje ko umugabane wa Afrika userukigwa n'ibihugu icenda igihe ihiganwa ry'igikombe c'isi rizoba rigizwe n'imigwi 48 mu 2026.

Iyo ngingo yemejwe ku munsi wa gatatu mu gisagara ca Bahrain, mu gihe umugabane userukigwa n'ibihugu bitanu muri kino gihe.

Afrika ishobora kuronka n'igihugu ca cumi, ico gihugu gishoboye kurengana ihiganwa ry'amajonjora rizoba rigizwe n'ibihugu bitandatu.

Ibiro vya Fifa vyatanze urutonde rw'ingene ivyo bibanza 48 bizogabanganwa mu migabane, itariki 30 z'ukwezi kwa gatatu.