Perezida wa Somalia ngo azoba yatsembuye Al Shaab mu myaka ibiri

Formajo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Mohamed Abdullahi Formajo s'ubnwa mbere aha agopo Al shabaab

Umukuru w'igihugu mushasha wa Somalia, Mohamed Abdullahi Farmajo, yavuze ko mu myaka itarenze ibiri azoba yamaze gutsinda umugwi Al Shabaab.

Umugwi Al Sahaab wakuwe muri Mogadishu ariko kugeza n'ubu uraciganziye ibice bimwe bimwe mu gihugu, aho uturuka uja kugaba ibitero cane cane bitumberezwa ku nzego za leta.

bwana Formajo yavuze ko kugwanya Al shabaab ari kimwe mu bintu bitatu yihayeko intumbero, harimwo kurandurana n'imizi ruswa no kugwanya ubukene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Abdullahi Formajo yagiye ku butegetsi mu kwqezi kwa kabiri

Mu Kiganiro yatangiye hano Londres aho yaje mu nama mpuzamakungu kuri Somalia, yasavye infashanyo kubera uruzuba rwateye isibe muri ico gihugu.

Abdullahi Formajo yavuze ko abanyagihugu baharugw amuri miliyoni bageranoiwe na kigoyi.