Abakobwa babohojwe kuri Boko Haram ntibarataha iwabo

Abakobw aba Chibok ngo ntibarahuzwa n' imiryango Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ababohojwe bazobanza gutegurwa imbere yo guhuzwa n'imiryango

Umwe mu bavugizi ba leta ya Nigeria amenyesha ko abakobwa bakuwe mu maboko ya Boko Haram, abenshi baturuka mu muji wa Chibok, batarahuzwa n'imiryango yabo.

Imiryango y'abakobwa 82 baherutse kubohozwa izokwerekwa amafoto kugirango barabemwo ababo, ariko rero kubashikira ngo bizotwara igihe.

Nta sango riratangwa ryo kubahuza, ariko ngo bazohurizwa mu muji wa Abuja.

Hari abanebagura kubona abandi bakobwa bakuwe mu maboko ya Boko Haram mu kwa cumi umwaka uheze, kugeza ubu batararekugwa.

Abategetsi bo bavuga ko bakiriko barabagorora imbere yo kubasubiza mu buzima busanzwe.