Ivangura rishingiye ku rukoba ngo riracibonekeza mu mashule ya Afrika Yepfo

Icapa (i bubamfu) gisa gisa n'icakoreshwa ku ntwaro y'aba Nazi c'ishirahamwe ry'abigeme (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu SOCIAL MEDIA
Image caption Icapa (i bubamfu) gisa gisa n'icakoreshwa ku ntwaro y'aba Nazi c'ishirahamwe ry'abigeme (i buryo)

Ishule kaminuza rya Stellenbosch muri Afrika Yepfo ryavuze kuri uno wa kabiri ko ryashoboye kumenya abantu batatu boba bamanitse ivyapa bishingiye ku vyiyumviro vy'iki Nazi.

Ivyo vyapa biriko amashusho yakoreshwa n'amashirahamwe y'urwaruka igihe c'aba Nazi, bikaba vyahamagarira abanyeshule mu nama y'abavuga ururimi rw'icongereza n'iki Afrikaner.

Ivyo vyapa vyakuweho ku murango, munyuma iryo shule kaminuza risohora itangazo rigwanya ingeso y'amacakubiri ashingiye ku rukoba, rivuga ko itigeze ryemeza ivy'iyo nama.

Abakurikirana utuntu n'utundi bavuga ko ivyo vyerekana ingene ingeso yo gukumirana y'igihe ca "apartheid" icibonekeza kuri iryo shule.

Stellenbosch ryari ishule kaminuza ry'abazungu ryigisha mu ki Afrikaner igihe c'intwaro ishingiye kuri apartheid.

Iryo shule kaminuza muri kino gihe rijamwo abantu bo mu moko yose, abaryigako bakaba bamaze igihe batumvikana n'abarirongoye ku bibazo vy'ururimi ryokwisunga, amahera y'ishule, n'ikibazo c'ivangura.

Mu 2015, urwego rurongoye ishule rwategetse ko ryoguma ryigisha mu ki Afrikaner, rwankira abasaba ko ivyigwa bitangwa mu congereza.

Benshi mu birabure bo muri Afrika Yepfo bipfuza icongereza ku ki Afrikaner.