Imyuzure yononye vyinshi ihagarikisha imirimo muri Zanzibar

Uduce twinshi twa Zanzibar twarengewe n'amazi y'imvura
Image caption Uduce twinshi twa Zanzibar twarengewe n'amazi y'imvura

Ubutegetsi bwa Zanzibar bwategetse ko amashule yose yo kw'izinga yugara bitewe n'imyuzure iri muri ico gihugu muri kino gihe, niko umushikiranganji w'indero yavuze.

Iyo ngingo yafashwe mu kugerageza kubungabunga umutekano w'abanyeshule n'abigisha inyuma yaho amashule amwamwe arengewe n'amazi biturutse ku mvura nyinshi yaguye kuri iryo zinga ryigenga rya Tanzania.

Amabarabara yo kuri iryo zinga nayo nyene yononekaye.

Abantu 9 baburiwe irengero ubwato burohamye i Zanzibar