Libiya yasubije inyuma abimukira bagiye i Buraya

Libiya isabwa gufasha mu guhagarika uruja rw'abimukira i Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Libiya isabwa gufasha mu guhagarika uruja rw'abimukira i Buraya

Abagenzura inkengera z'igihugu ca Libiya bavuze ko basubije inyuma ubwato butwaye abimukira bagera ku 500, bari bagiye i Buraya imbere yuko bafatwa n'abatabazi mu kiyaga.

Abo bimukira benshi baturuka mu bihugu vyo munsi y'umurongo wa Sahara, Siriya, Bangladesh na Maroc, basubijwe ku mugwa mukuru, Tripoli, aho baciye bapfungigwa mu kibanza c'agateganyo.

Libiya yagiriza ubwato bw'abatabazi bo mu Budagi bugenzugwa n'ishirahamwe "Sea-Watch", kuburagiza ivyo bikogwa ariko umudereva wabwo akaba yavuze ko ubwato bwa Libiya aribwo bwashatse kubaseka.