Prezida wa Somalia yijeje ko agiye kunagura ico gihugu

Prezida wa Somalia amaze iminsi atowe, Mohamed Abdullahi Mohamed azwi cane kw'izina rya Farmajo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Somalia amaze iminsi atowe, Mohamed Abdullahi Mohamed azwi cane kw'izina rya Farmajo

Prezida mushasha wa Somalia yabwiye inama mpuzamakungu yakoraniye i Londres mu Bwongereza, ko igihugu ciwe caronse akaryo kitokwitesha ko kurangiza kahise kabi no guteza imbere igihugu. Mohamed Abdullahi Mohamed azwi cane kw'izina rya Farmajo, yavuze ko afise intego yo guhindura Somalia no guteza imbere ico gihugu naho hari ingorane nyinshi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May, yavuze ko yizeye kw'inama y'umunsi umwe ishobora gutuma amakungu yongereza ishaka mu gufasha ico gihugu.

Yasavye ko hotunganywa imigambi yo kwigisha ivya gisirikare abanye Somalia, kugira ngo inteko zico gihugu zishobore gusubirira iz'umuryango w'ubumwe bwa Afrika zigwanya muri kino gihe umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al-Shabab.

Ubwongereza bwamenyesheje ko bugiye gufasha kugwanya inzara n'amapfa, buvuga ko buzosaba amakungu kwongereza imfashanyo.