Trump yavuze ko ata matohoza FBI imukorerako

Trump avuga ko ata matohoza amukogwako Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Trump avuga ko ata matohoza amukogwako

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ashimitse ko ata matohoza ariko aramukogwako, avuga ko umukuru w'ikigo c'iperereza yirukanye yari umuntu akunda kwiyemeza no kwiyerekana.

Bwana Trump yabwiye itororokanirizo ry'amakuru NBC, ko ariwe yifatiye ingingo yo kwirukana James Comey.

Bwana Comey niwe yararongoye umugwi utohoza ku kuntu Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no ku migenderanire y'abategura imyiyamamazo ya Trump na Moscou.

Mu kiganiro ciwe ca mbere inyuma yaho yirukaniye umukuru wa FBI, Bwana Trump yabwiye NBC ku munsi wa kane ko yabajije Bwana Comey ko ariko arakogwako itohoza.

"Navuze nti, ni vyaba bishoboka wombwira, noba ndiko ndakogwako itohoza? Yishuye: "nta tohoza rigukogwako."