Amerika yapfunditse n'Ubushinwa amasezerano y'ubudandaji

Amerika igiye kugurishiriza mu Bushinwa imyuka ya gazi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amerika igiye kugurishiriza mu Bushinwa imyuka ya gazi

Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'igihugu c'Ubushinwa basinye amasezerano y'ubudandaji agizwe n'ingingo cumi azotuma amashirahamwe ya Amerika yugurura ivyashara bishingiye ku mabanki mu Bushinwa.

Muri ayo masezerano, Ubushinwa buzokwakira inyama zivuye muri Amerika hamwe n'imyuka ya gazi y'ico gihugu.

Ku rundi ruhande, inkoko zitetse zo mu Bushinwa zirarekuriwe kwinjira kw'isoko ya Amerika, amabanki yo murico gihugu agashobora gukorera muri Amerika.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe ubudandaji Wilbur Ross, yavuze ko ayo masezerano azogabanya ivyashara Ubushinwa bwari bwararengejeko imbere y'impera y'umwaka wi 2017.

Ivyapfunditswe bikurikiye ibiganiro vy'ubudandaji vyatanguye mu kwezi guheze.

Ano masezerano yerekanye ko Prezida Donald Trump ariko aravavanura n'ingendo yo guhangana n'ubutegetsi bwa Beijing, nkuko yari yabishikirije igihe yiyamamaza.

Inyuma yayo masezerano, icegera c'umushikiranganji w'ikigega w'Ubushinwa, Zhu Guangyao, yasavye ko ayo masezerano yerekeye ivy'ubutunzi atokwinjizwamwo politike.